Athlétisme: Ishirahamwe ryo kwinonora imitsi rifadikanije na CNO ryakiriye abanonotsi bitabiriye amahiganwa atandukanye kw'isi

Vyanditswe itariki 07.10.2017

 

Kur'uyu wa gatanu 6 Gitugutu kuri restaurant bar Hibiscus, komite nkuru y'igihugu ijejwe ivyokwinonora imits i(comité national Olympic) yakiriye abanonotsi batandukanye bitabiriye amahiganwa mu karere, ku mugabane wa afrika (Cote d'ivoire ,Kenya,Uganda,Madagascar...) hamwe n'i Buraya. Mur’abo banonotsi harimwo Niyonsaba Francine yateye iteka igihugu mu gutahukana umudari w'ifeza mu mahiganwa y'isi yabareye i Londres mu Bwongereza, abanonotsi b'abakukuruke baserukiye Uburundi muri Côté d'Ivoire mu mahiganwa y'abagabo barenza imyaka 50, babiri muri bo batahukanye imidari 2, umwe w'inzahabu ,uwundi w'ifeza.

Uno mwaka, ryabaye iryambere Uburundi buserukiwe n'abanonotsi 12 mw’ihiganwa ry’isi hakaba harimwo abagabo 6 n’abigeme 6 . Kari akaryo keza ko kubakeza, gushimira igihugu kuburyo bwakoreshejwe kugira ingendo bagize zishoboke ndetse no gutanga ijambo ku bamenyereza bashikirize ibijanye n'ingendo bagize Abanonotsi batewe intege kubandanya bifata neza mu myimenyerezo kugira mu mwaka uza baze bashike kuntambwe yisununuye.

 

Umudari w'ifeza wa Francine Niyonsaba watumye Uburundi bufata ikibanza ca 31 mu bihugu 205 vyitavye amahiganwa y'i Londres

 

Bimwe mu vyashikirijwe mu majambo:

 

Kwizera Dieudonné arongoye ishirahamwe ryo kwinonora imitsi yarafashe ijambo ashimira cane abanonotsi bose , abamenyereza bose muri rusangi hamwe n'ubushikiranganji bw'urwaruka,inkino n'imicokama ku kwitanga bagize. Yarongeye ashimira Umukuru w'igihugu kubona yashoboye kwakira Niyonsaba Francine kw'iteka yateye igihugu mu gutahukana ikibanza ca kabiri, mbere bikaba vyatumye Uburundi bufata ikibanza ca 31 mu bihugu 205 vyitavye amahiganwa y’isi y’i Londres.

Mw’ijambo Niyonsaba Francine yashikirije, yatanguye ashimira umuryango wiwe wama umutera intege, ishirahamwe ryo kwinonora imitsi, abamenyeshamakuru, abamenyereza babafasha mu gutuma batera imbere hamwe n'abarundi bose kw'isi bagerageza kubitaho igihe bari mumahiganwa. Yafashe akanya ko gukeza abo bajanye bose i Londres, yavuniye akagohe urwaruka ruri mu Burundi kuzokwama bifata neza mu buserukizi bw'igihugu.

Mwomenya kansi yuko Francine azokwitaba inkino zo kwiruka muri « salle » zizobera mu gisagara ca Birmingham mu kwezi kwa Ntwarante 2018, abanonotsi 15 nabo bagabuwe mu nkino zitandukanye bazokwitabira amahiganwa ya « jeux africains » y'urwaruka hamwe na « jeux olympiques » mu rwaruka nyene : abanonotsi biruka 6, abakinyi ba judo 5,tennis 2 , karaté 1, hamwe na natation 1.

 

 

Amisou Hassan

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

 

Mondial 2018, Itsinda A

Russie 5-0 Arabie S.
Egypte 0-1 Uruguay

Mondial 2018, Itsinda B

Maroc 0-1 Iran
Portugal 3-3 Espagne

Mondial 2018, Itsinda C

France 2-1 Australie
Pérou 0-1 Danemark

Mondial 2018, Itsinda D

Argentine 1-1 Islande
Croatie 2-0 Nigeria

Mondial 2018, Itsinda E

Costa Rica 0-1 Serbie
Bresil 1-1 Suisse

Mondial 2018, Itsinda F

Allemagne 0-1 Mexique
Suède 1-0 Corée du Sud

Mondial 2018, Itsinda G

Belgique 3-0 Panama
Tunisie 1-2 Angleterre

Mondial 2018, Itsinda H

Colombie 1-2 Japon
Pologne 1-2 Sénégal

Mondial 2018, Itsinda A

Russie 3-1 Egypte
Uruguay 1-0 Arabie S.

Mondial 2018, Itsinda B

Portugal 1-0 Maroc
Iran 0-1 Espagne

 

Mondial 2018

Kuwa 21/06, Itsinda C
Danemark 14:00 Australie
France 17:00 Pérou
Kuwa 21/06, Itsinda D
Argentine 20:00 Croatie