Volleyball: Ishirahamwe rya Volleyball mu Burundi ryaraye ritoye inzego nshasha

Vyanditswe itariki 28.05.2017

 

Inyuma y’igihe kinini cari giheze amatora y’inzego nshasha arindiranywe igishika mw’ishirahamwe rya Volleyball mu Burundi (FBVB), ico gikorwa co gusubiriza Louis Rwakiranya, yahora arongoye FBVB akaba asigaye aba mu mahanga, cashoboye gutunganywa uno musi gihagarikiwe n'ubushikiranganji bw'urwaruka,inkino n'imicokama kikaba cabereye ku cicaro c’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru FFB igihe c'isaha zitandatu. Abitoza mu kibanza co kurirongora bari batatu aribo Jean Marie Gahungu afise imyaka 47 y'amavuko, Sophie Ndayihimbaze w'imyaka 43 na Gordien Iradukunda afise imyaka 45 y'amavuko akaba yahora ar’umunyabanga mukuru wa FBVB.

 

Amatora yabereye ku cicaro ca FFB

 

Uko amatora y'inzego nshasha yagenze

 

Imbere yuko batangura gutora batanguye gusoma ibigabane bimwe bimwe bigize amategeko w'iryoshirahamwe , bakaba babanje kwemeza ko vyoba vyiza ko bahuza kuvyerekeye abarungutswe batorere abadahari(procuration) , abagize inama nkuru 15 bakaba batoye ego na oya , ego niyo yatsinze , inyuma yaho niho baciye batora mukinyegero , abatoye baje baserukira amashirahamwe ahurikiye muri (FBVB) ni :

Nzeyimana Astere yaserukiye Rwakiranya Louis, yahora arirongoye
Iradukunda Gordien (umunyamabanga mukuru , yaserukiye kandi uwujejewe ibigega)
Nimubona Jean-Bosco yaserukiye D.T.N
Gahungu Jean-Marie( Bujumbura)
Nibayubare Onesphore ( Bururi)
Cishahayo Diomede (Gitega)
Shirambere Pacifique ( Karuzi)
Ndayiragije Jean-Bosco( Makamba )
Irakoze Fulgence (Ngozi)
Ntakarutimana Pasteur (Muramvya )
Mashahuri Fidel (Muyinga)
Ndayisaba Paterne ( Mwaro)
Nimubona Jean-Bosco (Rutana)
Irambona Jean-Christophe (Ruyigi)

Iradukunda Gordien yatowe ku majwi 7 kuri 15 batoye. 4 batoye Jean Marie Gahungu, 3 batora Sophie Ndayihimbaze, irindijwi rimwe riba impfagusa.

Umugwi ugiye kurongora ishirahamwe FBVB ugizwe na:

1. Umukuru wawo: Gordien Iradukunda
2. Icegera ciwe: Onesphore Nibayubahe
3. Umunyamabanga mukuru: Astère Nzeyimana
4. Icegera ciwe: Claire Kabura
5. Umunyabigega: Saturnin Icoyitungiye
6. Icegera ciwe: Claire Kayenzi
7. Umuyobozi w’Ubuhinga: David Bigirimana
8. Icegera ciwe: P. Ndayisaba
9. Igisata ca “Beach Volley”: Charles Niyongabo
10. Igisata ca “Genre et Développement” : Sophie Ndayihimbaze
11. Igisata ca « Communication et Plaidoyer » : Gérard Bigirabagabo
12. Igisata ca « Discipline et Etique Sportive » : Céléstin Ndayisaba

 

 

Amidou Hassan

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

 

Primus Ligue, umusi wa 1

Flamb. Centre 0-1 Messager Bja

 

Primus Ligue, umusi wa 1

Kuwa 18/08
Bumamuru 13:00 (Buganda) Rukinzo
Athletico Ol. 15:00 (Buganda) Ngozi City
Aigle Noir 15:00 (Gitega) Vital'O FC
Kayanza Utd 15:00 (Urukundo) Les Lierres
Kuwa 19/08
Musongati 15:00 (Gitega) Olympic S.
Buja City 15:00 (Buganda) LLBS4A
Messager N. 15:00 (Urukundo) Flamb. Est