Volleyball : ishirahamwe ry’i Bujumbura ryaraye risozereye ihiganwa

Vyanditswe itariki 10.07.2017

 

Ku magenekerezo ya 7, 8 na 9 Mukakaro, niho hakinwa inkino zisozera ihiganwa rya Volleyball mw’ishirahamwe ry’urwo rukino i Bujumbura. Izo nkino zabereye ku kibuga c’Ubushikirangaji bw’urwaruka, inkino n’imicokama aho benshi bita « kuri département », hakaba haratanzwe ubushimwe butandukanye ku migwi n’abakinyi bavyifashemwo neza kurusha abandi mur’uyu mwaka. Ihiganwa ry’uyu mwaka ryari ryatunganijwe ku migwi y’abagabo, imigwi y’abigeme hamwe n’imigwi y’imiyabaga (Juniors) ikaba yarerekanye ubuhinga budasanzwe na cane cane mu nkino zo gusozera zabaye kur’uyu w’Imana.

Mur’izo nkino zisozera ihiganwa zakinwe kur’uwu w’Imana 9 Mukakaro, mu miyabaga (Juniors) Miagi VB watsinze Vision Team sets 3-1, mu bigeme Muzinga utsinda Les As 3-0, mu bagabo naho Rukinzo wirahira Muzinga 3-0.

 

Umunezero w'abakinyi ba Rukinzo inyuma yo gutahukana igikombe

 

Ubushimwe bwatanzwe ku migwi

 

Mu miyabaga :

Igikombe c’ihiganwa rikuru: Vision Team
Igikombe c’ihiganwa ry’intangamara : Vision Team
Igikombe c’ihiganwa risozera: Miagi VB

Mu bigeme :

Igikombe c’ihiganwa rikuru: Muzinga
Igikombe c’ihiganwa ry’intangamara : Muzinga
Igikombe c’ihiganwa risozera: Muzinga

Mu bagabo :

Igikombe c’ihiganwa rikuru: Rukinzo
Igikombe c’ihiganwa ry’intangamara : Muzinga
Igikombe c’ihiganwa risozera: Rukinzo

 

Ubushimwe bwatanzwe ku bakinyi

 

( Bivanye n’uko amazina y’ubushimwe ataratomorwa mu Kirundi, twashimwe kuyabashikiriza mu kinofunofu)

Mu miyabaga :

MVP : Bizimana Rodrigue de Vision Team

Mu bigeme :

Meilleure passeuse : Mugisha Nathalie (Muzinga)
Meilleure Attaquante : Kabarenzi Aline (Les As)
Meilleure réceptionneuse : Buntubwimana Nadia (New Colombe)
Meilleure blockeuse : Caren( umukinyi wa Muzinga akomoka muri USA)
Meilleure Défenseuse : Ndayikunda Annette (Muzinga)
Meilleure Libéro : Marieke Van der Leeden (umukinyi wa GLC akomoka muri Hollande)
Meilleure serveuse : Solange (Les As)
MVP : Kaze Dély (Muzinga)

Mu bagabo:

Meilleur passeur : Bizimungu Patrick (Rukinzo)
Meilleur Attaquant : Bamporubusa Eric (Muzinga)
Meilleur réceptionneur : Iradukunda Innocent(Rukinzo)
Meilleur blockeur : Nkamicaniye Israël (Muzinga)
Meilleur Défenseur : Mugabowingabo Briand (Muzinga)
Meilleure Libéro : Muvunyi Alain (Amical des sportifs de Bujumbura)
Meilleur serveur : Lionel (BUN)
MVP : Beruburundi Donald( Rukinzo)

Audifax Ndikuriyo

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

 

Primus Ligue, umusi wa 10

Messager Bja 0-1 Rukinzo FC
Flamb. Est 0-0 Kayanza Utd
Messager N. 0-0 Olympic S.
Flamb. Centre 1-2 Ngozi City
Buja City 1-0 Bumamuru FC
Les Lierres 1-0 Athletico Ol.
Vital'O FC 1-0 LLBS4A
Musongati FC 1-4 Aigle Noir

Primus Ligue, umusi wa 11

Athletico Ol. 0-1 Flamb. Est
Buja City 0-3 Flamb. Centre
Rukinzo 3-0 Messager N.
Olympic S. 1-1 Les Lierres
Ngozi City 1-2 Aigle Noir
Vital'O FC 1-0 Bumamuru FC
LLBS4A 0-3 Musongati
Kayanza Utd 2-1 Messager Bja

 

Primus Ligue, umusi wa 11

Kuwa 14/10
Kayanza Utd 15:00 (Urukundo) Messager Bja