Cyclisme: Ihiganwa ryo gusiganwa n’amakinga « Tour du Burundi 2017 » rigiye gutunganywa muri Kigarama

Vyanditswe itariki 26.10.2017

 

Inyuma yo gutunganya Bujumbura Peace Run mu ci riheze, ihuriro Africa Mashariki rigiye gutunganya ihiganwa ryo kwiruka ku makinga ryiswe « Tour du Burundi 2017 », ibirori vyo kwugurura icese ico gikorwa bikaba vyabereye mu kigo « Football for Hope » co mu Kabondo i Bujumbura kur’uyu wa 26 Gitugutu. Iryo higanwa rizomara imisi 6, kuva kuwa 11 gushika uwa 16 Kigarama 2017, rikazocisha abanonotsi bahiganwa mu ntara 11 (Bujumbura Mairie, Bujumbura, Bururi, Makamba,Rutana,Ruyigi,Cankuzo,Muyinga,Ngozi,Kayanza,Muramvya)

 

Bamwe mu biatvye ibirori vyo kwugurura icese ibikorwa bitegura ihiganwa

 

« Tour du Burundi 2017 » « Pedal4Peace » rizokwakira abanonotsi bavuye mu bihugu bibanyi

 

Iryo higanwa ryataziriwe « Pedal for Peace » rizohuza abanonotsi banyonga amakinga bavuye mu bihugu vya Uganda, Tanzania, Urwanda, RD Congo na Kenya bazoba baje guhiganwa na bagenzi babo b’abarundi, nk’uko vyamenyeshejwe na Kisembo Ronex Tendo aserukira ishirahamwe Africa Mashariki Fest. Uwurongoye ishirahamwe ry'abanyonga amakinga mu Burundi yaciye amenyesha ko rizotunganya ihiganwa kw'igenekerezo rya 4/11/2017,iryo naryo rikazofasha mu gutora abazoserukira igihugu mw'ihiganwa Econet-Leo Afrika Mashiriki Fest Tour du Burundi 2017 rizoba ritunganijwe inyuma y'imyaka 200 amahiganwa y'amakinga atanguye kw'isi(1817-2017).

Hambavu y’uwuserukira ishirahamwe Africa Mashariki Fest, ibirori vyo kwuguruza icese ibikorwa vyo gutegura iryo higanwa vyari vyitabwe n’abashitsi benshi harimwo uwurongoye Ishirahamwe 'Giriyuja’, uwurongoye Ishirahamwe ryo gutumatumanako amakuru Econet-Leo ariryo ryafashe iyambere mu gutanga uburyo buzofasha cane kugira ico gikorwa kigende neza, umuvugizi w'igiporisi c'Uburundi n'uwaserukiye umukuru w'intara ya Bujumbura Mairie.

 

Abanyonga amakinga bazohiganwa mu mice (catégories) ine :

 

Abo mu muce wambere bazoca mu ntara 11, uwambere gushika kuw'icumi bazohabwa udushimwe, agashiwem kambere kakaba kagizwe n’ibahasha y'imiriyoni zitanu z'amarundi (5.000.000frbu).

Umuce wa kabiri, abana bazohiganwa ibirometero bitanu, bakazohiganwa baraba abarusha abandi ariko ata mabahasha y’ubushimwe baronka.

Umuce wa gatatu uzohuza abigeme 4: 2bava mu Buganda, 2 bava muri Tanzania.

Umuce wa kane uzohuza abahurikiye mu mashirahamwe atandukanye harimwo n'abafashije kugira ico gikorwa gishoboke.

div class="img-responsive">



Aho abanonotsi bazoca

Amidou Hassan

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

 

Primus Ligue, umusi wa 15

Athletico Ol. 2-0 Kayanza Utd
Messager Bja 1-1 Flamb. Est
Buja City 7-2 Olympic S.
Musongati FC 5-1 Ngozi City
Rukinzo FC 0-2 Les Lierres
Bumamuru FC 0-1 Aigle Noir

Primus Ligue, umusi wa 16

LLBS4A 0-0 Buja City
Les Lierres 2-2 Kayanza Utd
Flamb. Centre 0-1 Athletico Ol.
Ngozi City 0-1 Bumamuru
Flamb. Est 1-0 Messager Bja
Olympic S. 1-3 Musongati

Primus Ligue, umusi wa 17

Les Lierres 0-0 Musongati
Aigle Noir 3-1 Buja City
Ngozi City 1-0 Flamb. Est
Bumamuru 1-2 Olympic S.
Messager Bja 2-1 LLBS4A
Flamb. Centre 1-0 Vital'O FC
Kayanza Utd 0-1 Messager N.
Rukinzo 2-0 Athletico Ol.

Primus Ligue, umusi wa 15

Vital'O FC 3-1 Flamb. Centre
LLBS4A 1-0 Messager N.