Handball: Ihiganwa rivyura ibikurwa mw段shirahamwe ry段 Bujumbura ryaraye risozerewe

Vyanditswe itariki 26.06.2017

 

Inyuma y段gihe kitari gito ata nkino zitunganywa mw段shirahamwe rya Handball ry段 Bujumbura, inzego zishasha z段ryo nshirahamwe ryaratunganije ihiganwa ryo kuvyura ibikorwa kuva kuwa 10 Ruheshi rica risozerwa kur置yu w棚mana 25 Ruheshi. Iryo higanwa ryari ryahuje imigwi y誕biakenyezi n段y誕bagabo harimwo n段migwi y段mikangara, tugaruke ku nkino zanyuma zaraye zibaye.

 

Umugwi wa Muzinga waraye wirahiye Golden Team mu rukino rubereye ijisho

 

Uko inkino zanyuma z段higanwa zagenze

 

Mu misore y段mikangara, umugwi La Colombe niwo watahukanye igikombe utsinze biwugoye cane umugwi Brothers ibitsindo 18-17

Mu bakenyezi naho, Galaxy Handball Team wirahiye Rumuri mu kuwutsinda ibitsindo 11 kw9 uca utahukana igikombe

Urukino rwari rwitezwe n誕bakunzi benshi cane ba Handball n置rukino rwanyuma mu bagabo rwahuje imigwi ya Muzinga wari wakuyemwo Intwari mu gice ca kabiri gishira icanyuma (32-22) na Golden Team wari wakuyemwo SOS (29-21). Umugwi wa Golden team niwo watanguranye urukino ishaka rikomeye utsinda Muzinga 5-1 mu minota 10 yambere. Muzinga wagiye kwivyukiranya mu minota 15 yanyuma mu gice cambere, uraduga ku bitsindo gushika aho imigwi ija kuruhuka inganya 10-10. Mu gice ca kabiri, imigwi yose yaje yazikenyeye irondera gutwara igikombe, vyaraboneka ko isa n段yinganya ubuhinga n置bukerebutsi kuko yageze ku minota 20 y段gice ca kabiri inganya 18-18. Ibintu vyagiye kudadanuka mu minota yanyuma y置rukino, aho Muzinga wongereje inguvu urasatira bidasanzwe udahusha, urukino ruca rurangira Muzinga utsinze 25-20.

 

Ibikorwa bigeye kubandanya

 

Inyuma y置rukino rwahuje Muzinga na Golden Team, habanje kwerekanwa abagize urwego nyobozi bashaha maze abafashe amajambo barashimira abitanze kugira iryo higanwa ry段ntangamarara ritunganywe. Uwurongoyr ishirahamwe rya Handball I Bujumbura yaremereye abakunzi b置rwo rukino ko vuba cane inkino zigiye kubandanya, zikaba zizoza zirabera ku kibuga c旦bushikirangaji aho benshi bita kuri 泥駱artement.

Ibirori vyagiye gusozerwa no gutanga ubushimwe, umugwi La Colombe watahukanye igikombe c段mikangara, Galaxy Handball team utahukana ic誕bigeme, Muzinga nawo utahukana ic誕bagabo.

Audifax Ndikuriyo

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

Primus League, umusi wa 19

Ngozi City 1-0 Athletico Ol.
Flamb. Centre 3-0 Delta Star
Buja City 3-1 Les Jeunes
Inter Star 1-0 Les Lierres
Messager N. 1-0 Aigle Noir
Vital'O FC 1-0 Flamb. Est