Rallye du Burundi: Uko ihiganwa rizogenda i Bujumbura kuwa 1 Kigarama n’i Mwaro bukeye

Vyanditswe itariki 30.11.2017

 

Kur’uyu wa gatanu no ku wa gatandatu 01 na 02 Kigarama, umugwi w’abahinga mu nkino zo gusiganwa n’imiduga « Club Automobile du Burundi » wateguye ihiganwa ridansanzwe rizobera mu gisagara ca Bujumbura hagati no mu mabarabara y’i Mwaro. Iryo higanwa rizohuza imigwi y’abaonotsi babiri babiri basangira umuduga igera kuri 13, muri bo hakaba harimwo abamaze kubica bigacika haba mu mahiganwa yo ngaha i Burundi canke mu mahiganwa yo mu karere nk’i Huye mu Rwanda. Tugaruke ku kirangamisi c’iryo higanwa cashizwe ahabona n’umugwi ujejwe kuritunganya.

 

Aho imiduga izoca mu gice c'ihiganwa kizobera i Bujumbura kur'uyu wa gatanu 01/12/2017

 

I Bujumbura hagati mu gisagara, kuwa gatanu 01 Kigarama

 

09:30 – 12:30 : Gusuzuma imiduga n’abanonotsi bitaba ihiganwa kuri Garage A to Z Services

16:00 : Iyugarwa ry’amabarabara Chaussé du Peuple Murundi uhereye kuri Mairie hamwe n’amabarabara aca kuri Place de l’Indépendance. Ivyo bibanza bizoba vyugawe nivyo bizoberamwo ihiganwa, abantu bagenda n’amaguru bashobora kubishikamwo, abatunganije ihiganwa bazobereka ikibanza cabagenewe kugira barorere.

17:30 : Abanonotsi n’imiduga yabo hamwe n’abahinga bo gukora imidoga (Mécaniciens) bazoca bahurira mu kigo ca Ucar kuri Boulevard du Peuple Murundi

18:00 – 18:30 : Gusuzuma ahazobera ihiganwa (circuit) no kwakira abashitsi b’iteka kuri place de l’Indépendance

18:50 : Intango y’ihiganwa icese, umuduga wambere uzoba uvudutse

21:00 : Ibirori vyo gusozera bifadikanya n’umuziki udasanzwe kuri Boulevard de l’Uprona

22:30 : Gusubira kwugurura amabarabara


 

I Mwaro kuwa gatandatu 02 Kigarama

 

7:30 : Abanonotsi bazohurira kuri Ubuntu Résidence

8:15 : Umuduga wambere uzoba uvudutse ugana i Mwaro. Mur’uwo mwanya nyene iMwaro, amabarabara ya Nyakararo, Rusaka, Fota, Gatare, Gisozi no ku rubaho azoba yugaye. Abarorerezi bazoba begeranirijwe mu kibanza kimwe “View Point”

8:45 : Umuduga wambere uzoba ushitse kw’ishure rito ry’i Nyakararo kugira usuzumwe

9:00 : Umuvuduko w’umuduga wambere uva i Nyakararo ugana Rusaka, Fota gushika kuri Lycée Mwaro.

10:00 : Umuvuduko w’umuduga wambere uva Gatare (imbere y’ibiro vya Province) ugana i Gisozi gushika ku Rubaho.

10:30 : Irindi suzumwa ry’imiduga kuri Ecole Primaire Nyakararo, amabarabara azoba acugaye

11:00 : Ihiganwa rya kabiri uva i Nyakararo

11:50 : Ihiganwa rya kabiri uva Gatare

12:30 : Irindi suzumwa ry’imiduga kw’ishure ry’i Nyakararo

13:00 : Ihiganwa rya kabiri uva i Nyakararo

13:45 : Ihiganwa rya kabiri uva Gatare

14:30 :Isuzumwa ryanyuma kw’ishure rito ry’i Nyakararo nyene

16:00 : Umusozo w’ihiganwa ry’i Mwaro, abaryitavye bazoca bagaruka i Bujumbura n’amabarabara yugururwe

18:30 : Ibirori vyo gutanga ubushimwe kuri Ubuntu Résidence

Umugwi wateguye ihiganwa wamenyesheje yuko ayo masaha ashobora guhinduka ku mvo z’ubuhinga canke izindi.

burundisport.com

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

 

Primus Ligue, umusi wa 10

Messager Bja 0-1 Rukinzo FC
Flamb. Est 0-0 Kayanza Utd
Messager N. 0-0 Olympic S.
Flamb. Centre 1-2 Ngozi City
Buja City 1-0 Bumamuru FC
Les Lierres 1-0 Athletico Ol.
Vital'O FC 1-0 LLBS4A
Musongati FC 1-4 Aigle Noir

Primus Ligue, umusi wa 11

Athletico Ol. 0-1 Flamb. Est
Buja City 0-3 Flamb. Centre
Rukinzo 3-0 Messager N.
Olympic S. 1-1 Les Lierres
Ngozi City 1-2 Aigle Noir
Vital'O FC 1-0 Bumamuru FC
LLBS4A 0-3 Musongati
Kayanza Utd 2-1 Messager Bja

 

Primus Ligue, umusi wa 11

Kuwa 14/10
Kayanza Utd 15:00 (Urukundo) Messager Bja