Ibirori bidasanzwe bigizwe n段nkino vyaratunganijwe mw段bohero rya mpimba kur置yu wa gatatu 27 Kigarama

Vyanditswe itariki 28.12.2017

 

Kur置yu wa gatatu igenekerezo rya 27 kigarama 2017 ku masaha y'umuhingamo mw'ibohero rikuru rya Mpimba ku kibuga Mahangayiko, haratunganijwe ibirori vy'urukino rw'umupira w'amaguru rwahuje abanyororo bamaze gucirirwa urubanza hamwe n'abataracirirwa urubanza canke bunguruje, gusiganwa n'agakoni ku bapfasoni hamwe n'utubazo. Ishirahamwe Ntabariza ryitaho abapfungwa n'imiryango yabo rifadikanije n'abarongoye ibohero rikuru rya Mpimba nibo bari batunganije ico gikorwa tugaruka mur段yi nkuru.

 

Urukino rw'umupira rwahuje abataracirirwa imanza (imyambaro itukura) n'abamaze kuziririrwa (imyambaro y'icatsi kibisi), rwari rubereye ijisho

 

Urukino rw置mupira w誕maguru n置tundi dukino mu birori bidasanzwe

 

Abatumire bagizwe n'uwurongoye ibohero, abahurikiye mw'ishirahamwe Ntabariza hamwe n'abamenyeshamakuru bamaze kuhagera niho haca hatangura ibirori vy'indirimbo bica bikurikirwa n'urukino rw'umupira w'amaguru. Urwo rukino rwahuje umugwi userukira abanyororo bamaze gucirirwa imanza n置mugwi userukira abataracirirwa imanza canke bunguruje. Rwabaye urukino rubereye ijisho rwaranzwe n段shaka ridansanzwe ku mpande zose, iminota isanzwe iza kurangira ata gitsindo kibonetse (0-0). Iyo migwi yaciye itera za penalties, umugwi w誕bataracirirwa imanza utsinda 4-2.

Inyuma y置rwo rukino, hakurikiye gusiganwa n'agakoni ku bapfasoni bamaze gucirwa urubanza n'abatararucirirwa canke bunguruje, hakaba hatsinze abamaze gucirwa urubanza.
Agace k'utubazo nako kakaba karanzwe n'utubazo hamwe n'utuganuke ku bishuye neza tugizwe n'ibitenge, indobo, ubuyi n'imuganda y'amasabuni.

Abigeme babiri aribo Vanessa Nshimirimana na Claudine bari mu bariko baragira utugenegene bari basanzwe basezeraniwe kurekurwa uwo musi bakaba baratekerewe impanuro nabo mw段shirahamwe Ntabariza.

 

Amajambo yashikirijwe inyuma y段nkino

 

Ivyo birori vy段nkino birangiye niho uwurongoye ishirahamwe Ntabariza imbere y'amategeko Jean Marie Nshimirimana yashikiriza ijambo aho ahanini yagarutse ku nyigisho bari bamaze imisi bashikiriza abapfungwa zijanye n'inyifato bogira mw'ibohero ndetse no mu gihe bazosubira mu miryango yabo, yongera ati "tubifashijwemwo n'uwuyoboye iri bohero twateguye ibi birori tubicishije mu nkino kuko ziri mu bihuza abantu benshi kandi bigatuma amagara y'abapfungwa aguma ari meza". Yaciye agirako yemerera abapfungwa ko bagiye kuronswa umuganga yize ibijanye n'ihahamuka kugira abakurikiranire hafi mu buzima bwa misi yose, hampande y'uyo muganga aca yemerera itoni 3 z'umuceri mu kwipfurizanya umwaka mushasha ugiye gutangura wa 2018

OPC2 Bigirimana Deo arongoye iryo bohero nawe yasozereye avuga ati "n'ikintu ciza cane kubona iryo shirahamwe ritwiyumvira kandi rikadufasha muri vyinshi na cane cane kur置wo muganga kuko bigiye kutworohereza mu kudasubira kuza turaja kure kugira turonke abaganga"

Audifax Ndikuriyo

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

Primus League, umusi wa 19

Ngozi City 1-0 Athletico Ol.
Flamb. Centre 3-0 Delta Star
Buja City 3-1 Les Jeunes
Inter Star 1-0 Les Lierres
Messager N. 1-0 Aigle Noir
Vital'O FC 1-0 Flamb. Est