Football: Vital’O FC niwo waraye utahukanye igikombe citiriwe Umukuru w’Igihugu

Vyanditswe itariki 25.06.2018

 

Inyuma y’amazi ane agarutse ku ntebe y’umumenyereza wa Vital’O FC, Kanyenkore Gilbert batazira Yaoundé yaraye yandikishije urundi rupapuro mu mateka y’uwo mugwi mu gutahukana igikombe c’Umukuru w’Igihugu yirahiye Delta Star 3-1 mu rukino rwanyuma rwabereye i Gitega kur’uyu wa gatandatu 23 Ruheshi. Tugaruke ku vyaranze urwo rukino.

 

Abakinyi ba Vital'O FC bakira igikombe

 

Incamake y’uko urukino rwagenze

 

Mu bakinyi ngenderwako bari bagize umugwi wa Vital’O FC mu mwaka w’2016-2017, babiri gusa nibo bawusigayemwo mu mwaka w’2017-2018, abo nabo akaba ar’umunyegori Jonathan Nahimana n’umukinyi w’inyuma ari nawe kizigenza Kiza Fataki. Uko ari babiri bari ku rutonde rwa 11 batangura mu kibuga, bafadikanije na Nimubona Vianney, Ngezi Issa, Hamissi Assumani, Ndizeye Samuel, Muryango Moussa, Bizimana Hassan, Mbirizi Christian, Ntahobari Asumani na Toyi Steve.

Ku ruhande rwa Delta Star, Jospin Nshimirimana, umwe mu bakinyi bakiri bato babiciye biracika mu misi iheze mbere yamaze kwiyunga na Aigle Noir ngo awukinire umwaka uza, yaratanguye mu kibuga, afadikanije na Bukeni Théo, Niyongabo Placide, Tambwe Juma, Malipo Fikiri, Muhitira Espoir, Kamana Butoto, Dusabe Olivier, Kwizera Alexis, Nsabimana Valentin, na Moussa Osama.

Urukino rwatanguye igihe c’isaha icenda, abakinyi b’imigwi yose uko ar’ibiri bakaba bari baje bazikenyeye biboneka ko bakeneye itsinzi. Umugwi wa Vital’O FC niwo watanguye kwihariza umupira mu minota cumi n’itanu yambere uca mbere uronka igitsindo kuwa 17 cinjijwe na Ngezi Issa. Umugwi wa delta Star ntiwadebukiwe na gato kuko waciye wivyukiranya utangura gusatira bikomeye izamu rya Jonathan Nahimana, abakinyi Jospin na kizigenza Dusabe Olivier bakaba barateye ibibazo bikomeye abakinyi b’inyuma ba Vital’O ariko biranka ko baronka igitsindo. Bititezwe na gato bivanye n’uko urukino rwariko ruragenda, umugwi wa Vital’O waraciye mu ryahumye Delta Star ushirayo ica kabiri cinjijwe na Christian Mbirizi ku munota wa 42, maze igice cambere kirangira Vital’O ufise 2-0.

Mu gice ca kabiri, umugwi wa Vital’O watanguye usatira nk’uko wari watanguye urukino uca uranaronka ikindi gitsindo ku munota wa 60 cinjijwe na Christian Mbirizi kandi. Hakurikiye gukingira ivyo bitsindo 3-0 ku ruhande rwa Vital’O, abasore ba Delta Star baragerageza gusatira nk’uko bari babikoze mu gice cambere, baza guca mu ryahumye abakinyi b’inyuma bari bagumye bahagaze neza ku munota wa 88, kizigenza Olivier Dusabe yinjiza igitsindo ciza asozereye igikorwa bagenziwe bari bakoze co kwaka umupira abakinyi b’inyuma ba Vital’O. Urukino rwaciye rurangira Vital’O FC utsinze 3-0

 

Umunezero udasanzwe kuri Vital’O FC no gukeza Delta Star

 

Umugwi wa Delta Star waronkejwe imidari 25 n’ibahasha y’imilioni 5 z’amarundi, abatari bake bakaba barawukeje ku rugero wagezeko rwo gukina urukino rwa finale mu migwi 64 yose, naho vyari vyawugoye mw’ihiganwa risanzwe wasozereye uri mu kibanza canyuma. Naho bari bahejeje gutsindwa, vyarabonetse ko amabikinyi n’abarongozi ba Delta Star bahimbawe n’intambwe bashoboye gutera.

Ku ruhande rwa Vital’O, haba ku mumenyereza, ku barongozi no ku bakinyi, ijambo ryari rumwe gusa : Umunezero wo gutahukana igikombe no kuzoserukira Uburundi mw’ihiganwa mpuzamakungu rya CAF Confederation Cup zishobora kuzotangura muri Munyonyo 2018. Hambavu y’ico gikombe, umugwi wa hawe ibahasha y’imilioni 7 z’amarundi, abarongozi bawo bakaba kandi bamenyesheje ko bagiye kwitegurira bikomeye ihiganwa ryo mu mwaka w’2018-2019 rizotangura kuwa 18 Myandagaro 2018.

Jason Neretse

 

 

Ico mwiyumvira kur'iyi nkuru :

 

 

 

Primus Ligue, umusi wa 6

Flamb. Est 2-1 Olympic Star
Ngozi City 1-1 Les Lierres
Flamb. Centre 0-0 Rukinzo FC
Messager Bja 1-1 Vital'O FC
Musongati FC 2-1 Buja City
Kayanza Utd 0-1 Bumamuru
Athletico Ol. 1-2 Messager N.
Aigle Noir 2-0 LLBS4A

Primus Ligue, umusi w'7

Athletico Ol. 1-1 Flamb. Centre
Messager Bja 2-2 LLBS4A
Musongati FC 1-1 Les Lierres
Messager N. 0-0 Kayanza Utd
Olympic S. 1-2 Ngozi City
Bumamuru 1-0 Flamb. Est
Vital'O FC 0-0 Buja City
Rukinzo FC 1-3 Aigle Noir